africa newshomepagekirundikirundi_SportsWorld News

Sadio yasavye imbabazi abanya Senegal

Sadio asaba imbabazi kuba atabashije gushika muri Senegal, ariko akikeza abakunzi biwe ko agiye gusubirayo vuba.

Sadio Mane yasavye imbabazi abakunzi biwe bo muri Senegal aho avuka, kuba atashoboye kubashira agashimwe k’umukinyi w’umwaka yaheruka guhabwa na CAF.

Uwo mukinyi akaba yashikirije ko impanvu nyezina aruko bafise urukino rw’umupira w’amaguru bariko bitegurira kandi rukomeye, ngo ariyo mpamvu atitabiriye urubanza rwari rwateguwe. Urwo rukino rukaba ari uruzohuza umurwi wa Liverpool asanzwe akinira na Tottenham kuri uyu wa gatandatu.

Uwo musore avurwa ko gusohokana n’umunyarwandakazi Kate Bashabe akaba yitezwe mu gihugu c’amavukiro mu mpera z’ukwezi kwa 3 aho bazoba baramutse bitegurira, inkino za World Cup 2022.

Sadio akaba abaye umunya Senegal wundi ahawe ako gashimwe inyuma ya El Hadji Diouf yagahawe mu mwaka wa 2001 na 2002 kubera ukwitwara neza mu nkino z’umupira w’amaguru w’isi wabereye Japon na Koreya yo mu bumanuko.

Mukamenya ko yari yateguriwe ibirori bikomeye mu ngoro ndangakaranga yitiriwe Civilisation Noire iri Dakar, n’umukuru w’igihugu Macky Sall akaba yari kuba yahishikiye.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871