homepagekirundikirundi_Sports

Ng’iki icatumye Omar Ntakagero atanga imihoho muri Vital’o Fc

Kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 10 Nzero 2019 niho hamenyekana y’uko umumenyereza Ntakagero Omar atakiri mu mugwi wa Vital’o Fc.

Mu kiganiro Omar Ntakagero yatanze kwinsamirizi Buja FM mu kiganiro c’inkino kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 10 Nzero yatangaje ko yamaze gutandukana n’uyo mugwi kuva kw’igenekerezo rya 06 Nzero 2020.

Intandaro ya vyose ngo ni icuka yabonye kitameze neza hagati y’abafana n’indongozi aho yabonye umufana afata mumashati umwe mu ndongozi z’umugwi wa Vital’o Fc amuhora y’uko Yaoundé yahinduriwe akazi ivyatumye uyo mumenyereza yiyumvira gukinjura kugira ntibizohave bimutera ibibazo mu nyuma.

Omar Ntakagero akaba yasubiye arungikira ubutumwa abavuga y’uko yari arwaye canke ngo yasiba mu myimenyerezo ngo sivyo na gato kuko ikete ryo gutandukana n’uyo mugwi yari yararirungikiye indongozi z’uyo mugwi kuva ku musi wa mbere igenekerezo rya 6 Nzero 2020 bivanye n’uko wewe adakunda gukorera mu nduru.

Omar Ntakagero akaba yari amaze ukwezi n’igice muri uyo mugwi wa Vital’o Fc .

Yari amaze kumenyereza umugwi wa Vital’o Fc, urukino rumwe gusa muri izi nkino z’igice co gusubiriza narwo akaba yararutsinzwe n’umugwi wa Burundi Sports Dynamic igitsindo 1-0.

Ntakagero akaba afise impamyabushobozi y’ubumenyereza ( licence A), akaba yari amaze kumenyereza imigwi itandukanye ya hano iwacu nka Buja City, Athletico Olympic, Academies Tchite hamwe na Union Sporting Royale Fc. Yanamenyereje kandi n’umugwi nserukira gihugu w’abatarenza imyaka 23, U23 ndetse aranaba n’icegera c’umumenyereza mukuru w’intamba mu rugamba Senior.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871