africa newsEast Africa NewsEntertainmenthomepagekirundimusic

Zari ngo yarabaye umukozi wo munzu aho yiga mu bwongereza

Zari ngo imbere yuko yubaka ishure ryiwe rya Brooklyn College muri Africa y’epfo, yabanje kugeragereza muri vyinshi birimwo n’ukuba umukozi wo mu nzu igihe yiga mu bwongereza.

Zarinah Hassan azwi nka Zari The Boss Lady ngo muri kahise ntiyamye abayeho nk’umwamikazi, ivyo nivy’aheruka gushikiriza ku rubuga rwiwe rwa Instagram rukurikirwa n’abarenga imiliyoni 7.

Uwo mugwizatunga w’umugandakazi akorera muri Afrika y’epfo, yavuze ko aho yiga ibijanye na Cosmetology (ivyigwa bijanye n’ivy’abantu bisiga) mu bwongereza(UK), yakoze akazi k’umukozi wo mu nzu kugira abashe kuriha inzu yabamwo.

S’ico gusa kuko ngo yanakoze ubundi buzi butandukanye burimwo kuba uwakira amahera (Caissière), co kimwe no gutekera ibintu. Ivyo vyose ngo akaba yabikora mu ntumbero yo kugira arabe ko ubuzima bwo kwegera imbere kuko umwe mu baryango biwe yabayeko mu bwongereza ngo yamufata nabi cane.

Uwo muyobozi akaba na mwene ishure Brooklyn College ryo muri Afrika y’epfo, yavuze ko imbere yuko yubaka iryo shure, yabandanije agerageza ibi na biriya kugira atere imbere.

Muvyo ashikiriza ko yakoze harimwo ukuririmba, yarigeze kuba afise ibibanza yadandarizamwo impuzu z’abagabo, co kimwe n’ivyo abagore bambara mw’izosi, eka n’imbere ya Camera naho ngo yarahageragereje.

Mu kurangiza ubwo butumwa yemeye kuzobandanya hanyuma, yahavuye avuga ko ataco bitwaye iyuri canke ico uriko urakora, ariko ngo vyiza gikore.

Ivyo akaba abishikirije ubu mu gihe bivurwa ko ari mu mazi abira kuko bivurwa ko inama y’umuryango w’uwahoze ari umugabo wiwe yavuze ko yatswe uburenganzira ku matungo y’uwo mugabo, ahabwa umuhungu wiwe mukuru.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769