homepagekirundikirundi_Sports

Bangladesh : Mutima yitavye inama yo gutegura ihiganwa rya Golden Cup

Kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 14 Nzero 2020 niho haba inama ya mbere yo gutegura ihiganwa rya Golden Cup buca ritangura mu gihugu ca Bangladesh.

Iyo nama ikaba yari iyo kwiheza aho abakinyi bazoshikira n’ukwihweza ingene iryo higanwa rizoba rimeze muri rusangi.

Mukibuka y’uko muri iryo higanwa buca ritangura umugwi Aigle Noir The Fighters w’i Makamba watwaye igikombe ca Primus league c’umwaka wa 2019 ariwo waserukiye Uburundi muri ayo mahiganwa ukaza gushika i Bangladesh mw’ijoro ryo kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 14 Nzero 2020 bukeye bwaho uzoca ukora imyimenyerezo mugihe ku musi wa kane igenekerezo rya 16 Nzero ariho uzotana mu mitwe na Seychelles.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871