Entertainmententertainment Promotedhomepagekirundimusicmuzik na wasani

Cedrick Bangy kubwiwe ngo umuririmvyi mwiza kuri Scene ni Sat-B

Kubwa cedrick Bangy asazwe arongoye ishirahamwe ry’abaririmvyi ryitwa Coopérative des Musiciens du Burundi ngo umuririmvyi mwiza kuri scene kuriwe hagati ya Big Fizzo na Sat B ngo ni Sat-B.

Ivyo akaba abishikirije inyuma yaho hamenyekaniye kohagiye kuba igiteramo kizohuza ivyo bihangange bibiri mu muziki ndundi igiteramo kizoba kw’igenekerezo rya 9 Ruhuhuma kuri Lacosta Beach. Akaba yabimenyesheje aciye kurubuga  rwa Facebook aho vyaciye bitangura gutera ikibazo abataribake bamwe bamubwira ko avuga ukuri naho abandi bagomba kumucinyiza abandi bamuha impanuro ngo ntiyarakwiye kuvuga aho ahengamiye.

Umwe mubahoze baririmba azwi kw’izina rya Kook k ati:’’ Bishobora kubavyo ariko ntivyovugwa nawe. Wewe warukwiye kutaza urerekana aho uhagaze kuko uriko uharanira kwitwa se w’abaririmvyi b’Uburundi. Ntukwiye kwifata nk’umufana. Reka abafana babivuge wewe ugume hagati. Yari impanuro ya gusa. Wewe ntivyari bikwiye ko ucrea amabeef n’abaririmvyi.”

Eka Cedrick nawe ntiyahengeshanije kumwishura ati : ”Kook -K, utabaye umufana w’abandi ntiwoba ufise esprit artistique…..nimwagure imitima mureke ubugunge mukunde abandi niho muzobona irembo ry’amajambere.”

Mwomenya ko mu gihugu cose barindiranye igishika ico giteramo kizobahuza kugira koko babone uwo bokwita umwami w’umuziki ndundi kuko umwe wese ahari avyiyitirira atakintu arerekana ko ico kibanza agikwiriye.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769