Burundihomepagekirundikirundi_Sports

Bangabandhu Gold Cup 2020 : Uburundi bugiye guhura na Bangladesh mu gice 1/2 gishira icanyuma

Kuri uyu wa kane igenekerezo rya 23 Nzero 2020 niho umugwi w’Uburundi waserukiwe n‘abakinyi ba Aigle Noir uzagukina urukino rw’igice 1/2 gishira icanyuma c’igikombe Bangabandhu God Cup 2020 kiriko kibera mu gihugu ca Bangladesh.

Muri ico gice 1/2 gishira icanyuma Uburundi buza Gujarati n’umugwi wa Bangladesh usanzwe wakiriye iryo higanwa ryama rihuza imigwi nserukirabihugu.

Uburundi bukaramuka butsinze urwo rukino buzoca bukina urukino rwa nyuma Final hamwe n’umugwi wa Palestina washoboye kwirahira Seychelles igitsindo 1-0 kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 22 Nzero 2020.

Mukamenya y’uko Uburundi bwari mw’itsinda rya B bukaba bwarafashe n’ikibanza cambere muri iryo tsinda n‘amanota 6 kuri 6.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 878