Entertainmenthomepagekirundimusicmuzik na wasani

Burundi Talent : Twe tukivumbura vyukuri abaririmvyi bari basigaye barara bambaye ibirato

Inyuma y’igihe kitari gito abarundi isinzi bazi ikiganiro Burundi Talent casanga abaririmvyi imuhira batiteguye kikabakangurira kwama biteguye kikanabibutsa ko ari ibiyo vy’abakurikirana ibikorwa vyabo ikiganiro cakunda guca kumboneshakure Rema Tv  harasubiye kuboneka bamwe mu bantu bakora ibikorwa bisa nk’ivyo vyahahoze.

Inyuma yaho Landry Promoter aje na System yise UMUVUMBURO ndetse akanemeza ko ariwe yazanye iyo system yo gusanga abaririmvyi aho bari batavyiteguye, Idris SIMBIZI we arahakana aho yakoresheje amajambo avugira imbere ya Camera za Project Z abaza Landry Promoter ati mbe Petit we urazi uko bavumbura aho yamuhenda ko aje kumuramutsa aho Landry asanzwe arwarije mushikiwe muto.
SIMBIZI yahoze atunganya ikiganiro *lBURUNDI TALENT yagize  ati:

“Mbe we urazi aho twakora UMUVUMBURO wanyawo? Abaririmvyi bari basigaye barara bambaye ibirato kugutinya ko ndabagwako bambaye nabi”

Aho ni mugihe vyari bimaze imisi bivugwa na Landry Promoter ko ariwe yazanye ibintu vyo kuvumbura ariko SIMBIZI asanzwe akora ikiganiro gica kuri BETV arico project Z yavuze ko aribo babitagunje bakora kuri  Rema Tv.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769