BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Alfred ati: “Bernard yahitanywe n’Uburozi, naho naje nabunyoyeko”

Umuhisi Bernard ngo yasandavye azize uburozi yanyoye haraheze igihe kitari gito nkuko Alfred mugenziwe yabishikirije ku maziko yiwe. Uwo akaba avuga ko nawe nyene yabunyiyeko ariko akaba we yararusimbutse kuko Atariwe bari babiteze.

Nkuko uwo muririmvyi yabishikirije, ngo abo basore uko ari 2 bari bafise vyinshi bashaka gukora muri uno mwaka wa 2020, kuko mu mwaka wa 2019 ntibigeze bakora, kuko bari bafise ikibazo c’uburwayi, ngo bahisemwo kubanza kwanza kwivuza imbere yuko bitaho ivy’umuziki.

Alfred avuga ko aho batangura kugwara ngo babashije kugerageza kwitura abo bashoboye ngo bikunde, ariko ngo ntibabashije kuronka uwubafasha, ariko ngo uburyo bivujemwo n’ubwo bari bakuye mu rubanza rwa Fête de la Musique yo mu mwaka wa 2019.

Bernard akaba abaye uwundi muririmvyi Uburundi bubuze biturutse ku burozi, uwundi akaba ari Christophe Matata yasandabiye mu gihugu ca Afrika y’epfo, Bernard kandi akaba abaye uwundi muririmvyi Uburundi bubuze kubera kubura uburyo bwo kwivuza.

Mu kurangiza ijambo yariko arashikiriza, Alfred yasavye ko yoshigikirwa kugira bikunde abandanye akora ako kazi kiwe k’umuziki ndundi, biciye mu bicurarangisho kavukire

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775