East Africa NewsEntertainmenthomepagekirundimusic

Uwahoze ari umukunzi wa Diamond ngo ariteguye gukorana indirimbo na Tanasha

Lyyn yahoze ari umukunzi wa Diamond uno musi ari mu baririmvyikazi bashasha muri Tanzania, avuga ko yiteguye gukorana indirimbo na Tanasha umukunzi mushasha wa Diamond, kuko ngo bo uko ari babiri n’abaririmvyikazi, ngo ntaco bibuza badakoranye.

Uwo mwigeme yatanguye ari umwe mu bakobwa bahamagarwa ngo baje mu masanamu y’indirimbo, avuga ko ata kibazo afitanye n’uwo mukunzi mushasha wa Diamond. Naho nawe yigeze gufata ikibanza gikomeye mu mutima wa Diamond Platnumz.

Ivyo bikaba bishikirijwe mu gihe muri kino gihe vyaheruka gushikirizwa ko boba bafitanye ubucuti bwa hafi, ico ahakana kuko avuga ko bamaze igihe batabonana.

Uno musi uwo mwigeme ngo ariko yifata neza mu muziki w’aho inyuma muri Tanzania, kandi ngo bisigaye bitanashoboka ko abasha kuja mu masanamu y’iyindi ndirimbo kuko ngo ubu ari ku rundi rwego nkuko yabiyagiye SNS mu kiganiro Chili na Sky.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769