BurundiEntertainmenthomepagekirundimusicmuzik na wasani

Face To Face yohuje Big Fizzo na Sat-B yobaye itariki 9/02/2020 ntikibaye

Inyuma yaho hagiye haraboneka uguterana amajambo kumpande zose uruhande rumwe ruti ntahiganwa rihaba hagati yajewe na naka uwundi nawe ati narasuzuguwe mfatwa nabi, ariko munyuma uwateguye igiteramo agasukamwo mabisi mukuvuga intumbero nyamukuru y’igiteramo,
Big Fizzo we ntiyatinye kuvuga ko kitakibaye.

Abicishije kuri Indundi TV ni Big Fizzo yagize ati:
Igiteramo kiramaze kwuzura kandi atamunyamahanga ariko ico giteramo ntikizoba kandi  abarundi bazomenya impamvu kitakibaye. Nayo ivy’umubano wa jewe na Papa Lacosta vyo ntivyari bihuriye kugiteramo kandi urya n’umuvyeyi wacu arabandanya kuturera kandi umubano umeze neza.

Ni Big Fizzo yarangije abasaba gukurikirana imbuga ziwe mumushigikire ndetse aho yasaba ko mwobandanya mukurikirana indirimbo yiwe ikiri nshasha kurubuga rwiwe rwa YouTube.

Iki giteramo twibukanye ko gisivye mu gihe ivyari vyasabwe na Big Fizzo nyene vyari vyakozwe aho ubona ko igiteramo cari cakuwe kuri WHO’S THE BEST kigahinduka kikitwa FACE TO FACE.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775