Basketballhomepagekirundikirundi_SportsWorld News

Imiriyoni 50 z’amadorari y’abanyamerika nizo zisabwa kugira Kobe Bryant asubizwe ubuzima

Kuri uyu wa gatatu waraye uheze igenekerezo rya 29 Nzero 2020 niho Umuhanuzi canke umuvugabutumwa Prophet Nigel Gaisie yamuka mu gihugu ca Ghana yavuga y’uko hamwe yohabwa ibice 10%  vy’agaciro kimiriyoni 500 y’amafaranga y’amanyamerika Kobe Bryant afise yosubiza ubuzima bw’ico gihangane hamwe n’umwana wiwe.

Abicishije kuri imwe mu nsamirizi yo mu gihugu ca Ghana Prophet Nigel Gaisie  akaba yagize ati :

“Imana yanjanye kw’isi y’impwemu ndabona Umuntu akomeye agiye. iyo nkuru iza gutangaza benshi kw’isi ndabona abantu benshi ku mbuga ngurukanabumenyi bariko bavuga kuvyerekeye umuntu yapfuye nkabaraba no mu maso bikantera agahinda. Imana yambwiye menyeshe umuryango wa Kobe Bryant, ubuserukizi bwa America buri mu gihugu ca Ghana kandi no kw’isi y’uko  Imana idafise uruhara ku rupfu rw’uwo muntu”.

Prophet Gaisie abandanya agira ati :

“Bwire umuryango w’uyu muntu n’isi yose nimba bazokwemera kundiha ibice 10% mu gaciro k’imiriyoni amajana atanu z’amadorari y’amanyamerika Kobe Bryant afise nzoca ndabagarukanira ubuzima bw’uyo muntu kandi ata mahera sinshobora kumugarukana hamwe n’umwigeme wiwe”.

Mukamenya  y’uko Prophet Nigel Gaisie ko ariwe ayoboye ishengero ry’aba Prophet bo mu gisagara ca Accra mu gihugu ca Ghana.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 873