BurundicultureEntertainmenthomepagekirundimusicmuzik na wasani

Ba Canco Hamissi ntibaturaba ryiza habe namba

Igihe kitari gito kiraheze bamwe mubatama dufise uyu musi batembereye ibihugu bitandukanye vya Afurika ndetse na Buraya bafashijwe n’ibicurarangisho kavukire bakoresha mur’iyo myaka yabo y’ubusore ndetse no gushika kur’uyu musi bakiriko mukubandanya bateramika canke banezereza abahurumbira ivyo bicurarangisho kavukire (Umuduri; Inanga; Ikembe; indonongo; Umwironge…..)

Mukiyago twagiranye n’umwe murabo batama bari bahari ico gihe ariwe TOROBEKA Joseph yaratwiganiye zimwe mu ngorane bahura nazo kuko ngo atari ivy’iyi myaka gusa ahubwo no mugihe cabo vyari bigoye gutahura

TOROBEKA Joseph atuyagira yagize ati:

“Vyari bigoye cane si ibintu bije ubunyene ahubwo vyaramyeho kuko n’abaririmvyi b’ico gihe c’ubuyabaga batigera batwerekwa na gato kuko batatahura ivyo tuvuza ko vyovamwo umuziki nk’uwo baheza bakumva;
Ico gihe twahawe akazi ko kuvugiriza abategetsi duhuriramwo na group ya ba CANCO HAMISSI batangura kudyana inzara bitwengera bavuga ngo “none nkabo banyabuhonga baje gukor’iki n’ibicurarangisho” ariko tumaze gutangura kuvuza umuziki mwiza batangura gutamba tuvuza za *Rufuku; Iyo Manzi warasaye….. kuko atazo bari bazi batangura kudushima bakadufata neza ndetse n’iyo bagiye kuvugiriza abantu babahamagaje bakitwaza umwe canke babibiri muri twebwe”.

TOROBEKA yabandanije agira ati:

“Ntibari bazi ko twoshinze Orchestre; muri 1977 hama muri 1979 dutangura kuja Mubudagi (Allemagne) Mbere ico gihe ntitwari bwitwe akaranga twari twitwa Orchestre National Traditionnel aho abahungu baza batangura gukunda uko tubikora banezerezwa n’ukuntu basanze ducurarangisha ibintu batamenyereye bakaguma bavuga ko dukwiye kuja muma festival guhiganwa n’ayandi ma Orchestres y’i Burayi ; wasanga hari ibicurarangisho vyinshi cane, ingoma zaba zifise umwanya wazo, imvyino nazo ugasanga zifise umwanya wazo.”

Mwomenya ko ivyo yabivuze inyuma y’ikiganiro twari duhejeje gukorana kuri Indundi TV aho yariko arakangurira urwaruka kwiga ivyo bicurarangisho ndangakaranga kuko uyu musi nibavyemerera bikazimira akagirire bizogorana kugira urwaruka rwo muri kazoza ruzobimenye.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 776