BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Masterland ngo hanze bakora umuziki kuri 500$ iwacu bariha musi 100$

Masterland abona ko umuziki ndundi utishwe n’abahinyanyuzi, kandi abo nyene ataribo batuma abaririmvyi badatera imbere. Ivyo n’ivyumvikana muvyo aheruka gushikiriza kuri imwe muri Post z’’umu Dijay w’umurundi azwi cane ku mugabane wa buraya.

Kubwa land ngo abarundi bakunda umuntu atagihari, kuko ubu abahari ngo bafise ubumenyi bukwiye ariko birukira hanze. Ivyo akabivuga yisunze yuko abirukira hanze ata bikomeye gose bazanira igihugu.

Yagize ati : “…Production yacu ni nziza gusa mwemera abantu iyo bagiye hanze canke bapfuye, Lizer iyo aguma iwacu muba mubona ko ari umucafu….. Lizer, Aaron Tunga, I Logos, Mark Kibamba, Eaglenaud. Abo bose n’aba Producer Uburundi bufise bayoboye iyo bari muri EAC”.

Uwo mwanditsi akaba n’umuririmvyi akomeye yavuze kandi ko ikindi cishe umuziki ndundi ari igiciro uwo muziki ukorwako, aho akavuga ko uwo muziki ubwawo ukorwa ku mafaranga ari musi y’ama dollard 100 ya amerika , mu gihe basohotse igihugu batanga ayarenga ama Dollard ya amerika 500.

Land yabandanije avuga ko kuri ubwo buryo burihwa uwo muziki ngo bidakunda ko ibikoresho bikomeye Uburundi bubura, vyoshobora kuboneka.

“ Za matos tubura tuzozigura ryari? ”

Ivyo land yavyishuye ku majambo uwahoze ari Manager wa Sat-b, akaba n’uwashinze Bukiv Label Dijay Jackson yavuze acishije ku rubuga rwiwe rwa Facebook. Muri ubwo butumwa akaba yariko avuga ko hari umuririmvyi akomeye hano iwacu ngo atarakwiriye gukorana n’abahinyanyuzi bakiri bato “Underground”.

“Nashaka guhanura umuririmvyi w’umurundi – a- nkunda cane : Mwene wacu nutahagarika gukorana n’abo bahinyanyuzi bakiri bato “Underground”, nukuri ntaco uzohanoba! Ku gihagararo cawe, warukwiye gukorana na Lizer Classic, Selebobo, Masterkraft, ….. Canke Nessin basi! Canke ukagerageza aho mu buraruko bw’iwacu, nabo ntibahagaze nabi. ”

Dijay Jackson nawe ntiyaretse kumwishura aho yamwibukije ko kugira ibintu binduke mu muziki ngo n’abahinyanyuzi nabo babifisemwo uruhara rukomeye gose. Ariko kandi amwibutsa ko ubwo butumwa butaraba bose bwaraba uwo muririmvyi “A” yavuze, kuko ngo uwo we ntiyarakwiye kubandanya agwanira umukate n’abaririmvyi b’abarundi bakiri hasi.

Mwomenya ko uwo muririmvyi tutarabasha kumenya uwariwe, kuko bose mu bagize ico bashikiriza basa n’abayaga bahuza atawe bigeze bacisha mu kanwa, ariko icabonetse co ngo n’umwe mu bakomeye hano iwacu, afise uburambe muri ico gikorwa c’umuziki, kandi afise Ingabire zitandukanye zirimwo kuririmba neza, kwandika neza, gutamba neza, co kimwe no gukora ibiteramo neza cane. Aho uwo mumenya yoheza akaturya akara.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775