homepagekirundikirundi_Sports

Kobe Bryant n’umukobwa wiwe bashinguwe mw’ibanga

Umukinyi rurangiranwa w’umupira w’amaboko Basketball azwi mw’ihiganwa rya NBA ryo muri Reta zunze ubumwe za America Kobe Bryant n’umukobwa wiwe w’imyaka 13 y’amavuko ariwe Gianna bahitanywe n’isanganya ry’indege ya Kajugujugu igenekerezo rya 26 nzero 2020 bashinguwe mw’ibanga ku musi wa gatanu uheze igenekerezo rya 07 Ruhuhuma 2020 ahitwa Pacific Views Memorial Park Corona del Mar.

Igenekerezo rya 24 Ruhuhuma mu nyubako za Staples Center niho umusi wo kumwibuka no kumuzikirikana hamwe n’umukobwa wiwe Gianna.

Kobe hamwe n’umukobwa wiwe bakaba bashinguwe n’abo mu muryango wabo gusa hamwe n’incuti zabo eka ntivyari vyemerewe no gufata ama foto canke amasanamu.

Abandi bashika kuri 7 bakoranye isanganya nabo bakaba bashinguwe ku musi wa mbere igenekerezo rya 10 Ruhuhuma.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871