BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

 Kidum  ngo ntiyoreka kwitaba ibikorwa vyateguwe na Leta y’Uburundi

Nimbona Jean Pierre benshi bazi nka Kidum ngo uko biri kwose abarundi n’abarundi kandi bose abafata kumwe, ngo umwe amuhamagaye mu kazi ntiyoreka kugenda, nkuko ngo n’uwundi yomuhamagara uko nyene. Ivyo n’ivyo aheruka kuyagira ikinyamakuru co muri Australia mu gisata cabo co mu Kirundi (SBS Kirundi).

Muri ico kiyago Kidum yavuze ko muvyamuteye kubanza kwanza guhagarika kuza I Burundi ngo harimwo ukubanza kwanza gukiza agatwe, kuko ngo hari hageze aho batangura kugomba kumuroga. Mukibuka ko hari n’ubwamufashe aranasiba n’indege abanza kuja mu bitaro.

Ikindi yavuze ngo nuko yashaka ko abantu babanze kwanza batahure ko we atari umunyepolitique, kuko ingendo ziwe mu bihugu nk’Uburundi n’Urwanda ngo vyari bitanguye kwitirirwa Politique.

Kidum  aganira n’umumenyeshamakuru w’umurundi akorera ico kinyamakuru co mu gihugu ca Australie, Jean Paul Amedée Nizigama, yishuye ku kibazo kimubaza nimba yokwitaba ibikorwa vyateguwe n’ubutegetsi bwa Gitega, avuga ko atacomubuza atitabiriye ivyo bikorwa.

Uwo mumenyeshamakuru ntiyagarukiye ngaho kuko yanashatse kumenya nimba Kidum yoshobora naho nyene kwitabira ibikorwa vy’abatavuga rumwe na Leta ya Gitega, Naho nyene Kidum yishuye atarya umunwa amubwira ko ata numwe yobimubuza kuko ngo bose ar’abarundi.

Ivyo akaba abishikirije mu gihe yaramaze imisi avuze ko yisubiyeko ku ngingo yari yashikirije ko abaye arahagarika kuja mu Burundi no mu Rwanda. Mu kiyago yagiranye na BBC naho akaba yari yamenyesheje ko ashimye gutangura kuza araja i Bujumbura kuko hageze ngo mu Rwanda azojayo naho kuko ahafise abakunzi ariko ko hataragera.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775