BurundiBongo moviesDevelopmentDiasporadiaspora youthFabelovehomepagekirundiPrimusic2019promotedTabac

#Diaspora |Abarundi ngo nibavuge ivyiza kuko ibibi n’ibidusubiza inyuma gusa

Ukuvuga ivyiza ni ngirakamaro, kuko ibibi n’ibidusubiza inyuma. Bikaba biheruka gushikirizwa na Annie Irankunda asanzwe arongoye ishirahamwe Reunion 257

Uruhara rw’abarundi baba mu mahanga ngo ni ngirakamaro cane mu buzima bw’igihugu cacu, ivyo bikaba biheruka gushikirizwa na Annie Irankunda  aho yaganira n’imwe mu mboneshamakuru za hano iwacu.

Muri ico kiyago, uwo mwigeme w’imyaka 28 asanzwe arongoye ishirahamwe ry’abarundi Reunion 257 atanga akarorero k’igihugu ca Kenya aho abenegihugu babo baba mu mahanga batanga amafaranga angana n’ $9,000,000,000 kugira ubutunzi bw’igihugu bwisununure. Akabona nka hamwe abarundi babikoze uko vyoba ngirakamaro.

Annie muri ico kiyago na Akeza Web Tv yanaboneyeho akaryo ko gusaba abarundi bose batemberera igihugu cabibarutse ko amashusho bafata boyakwiragiza hirya no hino, gutyo hampande y’amakuru mabi avurwa ku Burundi n’ivyiza navyo bisamirane kuko kubwiwe ngo ararushe n’ukwumva amabi gusa.

Ku vyiza, Iradukunda muri ico kiganiro akaba yagereranije ikiyaga Tanganyika n’inkengera zaco yariko n’ibiyaga bimwe bimwe vyo muri leta zunze ubumwe za amerika nka Miami, ariko we akavuga ko aho iwacu ho ari vyiza gusumba.

Mwomenya ko uwo mwigeme co kimwe n’abandi batari bake bahurikiye mu runani rw’abarundi baba mu mahanga babandanya kugendera igihugu cacu baje mu buruhuko. Urwo runani rukaba runipfuza gufata mu minwe amwe mu mahiganwa ngo bikunde barabe ko hari icohinduka mw’itegurwa ryayo, aho ni nka Miss Burundi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 772