Entertainmenthomepagekirundimusicmuzik na wasani

Wasafi Media bobo bemeza ko umuririmvyi Big Fizzo atari Super Star

 

Inyuma yo kuza i Bujumbura akahakora ibikorwa bigiye bitandukanye, ni Q Boy, mu nyuma yakoze indirimbo ariko agakora ama collabo yatumye abarundi bamumenya kurusha banamenya kari umwe mubaririmvyi bafise amamuko y’Uburundi arko bavukiye mugihugu ca Tanzaniya akaba yarabarizwa muri label ya WASAFI naho atakibarizwayo bivuye kumvo zigiye zitandukanye tutarinze kugarukako, uhereye kundirimbo HAPPY BIRTHDAY arikumwe n’umuririmvyi Black-G munyuma akaza gushira ahabona iyo bise MUGACERERE ARIKUMWE na Sat-B ndetse yo ari indirimbo yabiciye biracika haba hano iwacu ndetse no mugihugu ca Tanzaniya gisanzwe arico gihugu Q Boy abamwo akanarangurira ibikorwa vyiwe aho yanabaye indirimbo imwe muzoyakoze yashoboye gusubigwamwo aho muri WASAfi aho yakozwe na Q Boy ubwiwe arikumwe na Ray Vanny cokimwe na Shetta we asanzwe ari n’incuti ya hafi y’umuririmvyi Diamond asanzwe arongoye WCB.

Ariko twobibutsa ko CHINETE ariyo yahereje muri collabo zakorewe hano nuwo muririmvyi Q Boy aho yayikoranye numwe mubaririmvyi bakomeye hano iwacu kandi bamaze igihe kinini mugakino ariwe Big Fizzo.
Inkuru ishushe muri kano kanya nuko bamwe mubakunzi b’umuziki Ndundi batari guhuriza kwijambo ryavuzwe n’Abamenyeshamakuru ba Wasafi Media mukiganiro Block 89 aho bari batumiye uwo muririmvyi Q Boy
Abamenyeshamakuru ba Wasafi bati Q Boy ugerageje kuraba ufise abakurikirana Youtube harimwo Abarundi benshi, n’igiki ukora kugira bagukurikirane,
Q Boy ati: je kwanza I Burundi mfise indirimbo nyinshi nakozeyo undi nawe ati “iyonzi n’imwe” (AGATWENGO), abandanya ati: narakoranye n’umuririmvyi yitwa Sat-B (umumenyeshamakuru: Saat-B, uyo yaraje hano), narakoranye n’umuririmvyi yitwa Fizzo (umumenyeshamakuru: SIO SUPER STAR HUYO) Q Boy abandanya ati nongera nkorana n’uwitwa Black G

Amwe mumajambo atigeze arandigwako cane mukuvuga ko Fizzo Atari umu SUPER STAR ni amwe mumajambo yateye ukwibaza benshi bati mbega koko JONI JOO na mugenziwe boba batazi umuririmvyi Big Fizzo canke ni kwakundi abaririmvyi ba hano iwacu badasohoka ngo bidadaze kurugero mpuzamakungu?

Ikibazo ni: “Mbega ukudasohoka kwa Big Fizzo kwoba kwatumye abamenyeshamakuru batamumenya kandi ari umwe mubaririmvyi ndundi bakoze ibiteramo hanze? 
Ukuva ngaha akaja gukora clip video na TID vyova ataco vyamumariye muvyukuri?”

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769