Burundihomepagekirundimusicmuzik na wasani

Ng’ubu ubutumwa Sat-B yanditse ku mbuga, ubutumwa buremereye cane.

Mukubandanya haba ibi na biriya bitandukanye ariko hakaba ugutanako umwikomo bamwe bati umuziki wacu kuba udashika kurugero rushimishije biterwa n’aba canke bariya, ivyo navyo bigatuma ikibazo c’uko hotorerwa umuti kitaronkerwa inyishu.

Bamwe bama mumpari bagira bati:
« Umuziki w’Uburundi mugihe utaratorerwa inyishu biragoye kugira Entertainment yose muri rusangi izoter’imbere. Nihaba Leta, amashirahamwe n’Abanyamitahe batarabona agaciro k’imyidagaduro ni ukuvuga iterambere riragoye cane kandi ni kimwe mubintu bikiri kure. »

Amwe mumajambo umurirvyi rurangiranwa mugihugu c’Uburundi yashoboye gushikiriza abicishije kumbuga ngurukanabenyi ziwe; yanditse amajambo akomeye agira ati:

« Ndi umwe mu bantu bafise ivyiyumviro vyoguteza imbere igihugu canje nkuko turi benshi , ariko gouvernement y’Uburundi bwacu nta mahirwe menshi iha urwaruka arirwo nkingi y’Uburundi dusangiye. Aho twovuga nka “Loi de Sponsor” ikigoranye cane kuruhande rw’ama compagnies, ariko buke buke bizoza ! Bizoza ! Dukunde igihugu cacu , twongera dushima leta nivyo idukorera mukutworohereza nko mu biteramo n ibindi.
Exemple : Uburundi burashobora kutavugwa mu bibi gusa ahubwo bukavugwa muri talent zikaze n’ama collabo yabaririmvyi babo n’aba Tanzania , Nigeria , South Afrika n’ibindi. »

Ayo ni amwe mu majambo yanditse ariko atigeze ahabwa inguvu canke ngo bamwe n’Abandi bayagireko icigwa co kuraba koko nimba ibisata vg’ubudandaji mumashirahamwe bikora ibikwiye canke kwibaza bati mbega koko ayo mashirahamwe arafise uruhara mw’iterambere ry’imyidagaduro?

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 765