BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

B Face ati ngo ntaravumburwa kandi ntibizonashoboka

B Face ngo umu Star arafise Vie Prive, kuriwe ngo ico atashatse ko bavuga ngo ntibikunda ko bakimukuramwo. Ivyo akaba aheruka kubivugira mu kiyago yitavye aho hari hatumiwemwo abaririmvyi co kimwe n’abamenyeshamakuru batandukanye, hamwe n’abavumbuzi.

Uwo muririmvyi akaba yamenyesheje ko mu gihe abandi badasiba kuvuga ko bavumbuwe, ariko we ngo ntibikunda kandi ntibizonakunda ko bamuvumbura. Igituma ngo nuko we yashizeho umurongo, aho akavuga ko hari vyinsho vyiwe batazi, birimwo uwo bakundana, n’urudandazwa rutandukanye akora. Ariko ngo igihe azobishira ahabona nuko azoba ashaka ko babimenya

B Face akaba yanagiriyeko anavuga ko haba hari umwumvikano hagati y’uwuvumbura n’uwuvumburwa kuko ngo baba babivuganye, ibitemerwa n’umwe mu bavumbuzi yarahari.

B Face yabajijwe nimba uwamenyekanye bise umu Star muri ico kiyago atokwama agavye mu buzima bwa misi yose, kugira ama camera atahava amusanga ariko yitwara nabi, haba mu nyambaro co kimwe no mu bindi. Boniface akaba yavuze ko bitokunda ko aba indarangavye mu gihe ata ntambara ihari.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775