footballhomepageInkinokirundikirundi_Sports

Uku niko abakinyi b’abarundi bakina hanze bigenjeje mu migwi yabo

Ikinyamakuru Sports 257 caraye gishize ahabona ukuntu abakinyi b’abarundi bakina hanze y’igihugu bagiye bigenza mu migwi yabo mu mpera z’indwi iheze .

🇷🇴Roumanie , Mu cicaro ca 3 Umukinyi BACANAMWO Joel yaraye akinye urukino rwiwe rwambere mumurwi wiwe mushasha wa CS MIROSLVA. Urukino rwarangiye umurwi wiwe utsinze igitsindo (1-0) umurwi PIETRA. Joel yakinye urukino rwose

🇵🇹Portugal,mu cicaro ca 2 umurwi wa VARZIM ukinamwo umukinyi Nduwarugira Christophe wanganije n’umurwi wa CHAVES igitsindo (1-1),umukinyi Lucio yakinye urwo rukino rwose.

🇸🇦Arabia Saoudit,mu cicaro ca 1 umurwi wa AL TWAWOUN” ukinamwo umukinyi Cedric Amissi watsinzwe numurwi wa ABHA ibitsindo(2-1) umukinyi Cedric Amissi ntiyabonetse mururwo rukino

🇧🇪Belgique,mu cicaro ca 1 umurwi wa ZULTE Waregem ukinamwo umukinyi Kizigenza w’umurwi nserukiragihugu Intamba Mu Rugamba “Saido Berahino” wanyagiwe ibitsindo (7-0) n’umurwi wa ANDERLECHT umukinyi Saido yari kuntebe yabasubirira abandi ntiyakinye urwo rukino

🇧🇪Mur’ico gihugu nyene mu cicaro ca 2,umurwi wa LOKEREN FC ukinamwo umukinyi “Diammant Ramazani”ntiwakinye mu mpera yindwi dusozeye

🇰🇪 Kenya umurwi wa “BANDARI FC” ukinamwo umunyegori “Justin Ndikumana” waravyifashemwo neza aho batsinze umurwi wa KARIOBANGI SHARKS igitsindo(1-0) umunyegori Justin yakinye urwo rukino rwose.

🇿🇦 Africa Y’epfo,umurwi wa CHIPPA UTD ukinamwo umukinyi Frederick Nsabiyumva wanganije(0-0)n’umurwi wa Bidvest Wits umukinyi Frédéric yari mubakinyi 11 batanguye kandi yakinye urwo rukino rwose

🇦🇺 umurwi wa MELBOURNE victory ukinamwo umusatirizi Elvis Kamsoba wanyagiwe ibitsindo (4-1)n’umurwi wa SYDNEY FC . Umukinyi Kamsoba yakinye urwo rukino rwose

🇿🇲Murico gihugu umurwi wa ZESCO ukinamwo abakinyi Dieudonné na Enock wanganije numurwi wa GREEN BUFFALOES (1-1)umukinyi Enock yari mubakinyi 11 batanguy mukibuga. Dieudonné ntiyabonetse muri 18.

🇿🇲 Umurwi wa LUSAKA dymas ukinamwo ARAKAZA Arthur watsinze ibitsindo (2-1)umurwi KANSANSHI DYNAMOS. Umukinyi Arakaza nabwo yaronse amahirwe yokuba mubakinyi 11 batanguye

🇿🇲Murico guhugu nyene umurwi wa NAPSA ukinamwo MAVUGO watsinze ibitsindo (2-1) umurwi wa GREEN EAGLES umukinyi Mavugo ntiyabonetse murwo Rukino

🇹🇿Tanzania,umurwi wa “NAMUNGO FC” ukinamwo abasore ba Barundi babiri “Steve Nzigamasabo na Blaise Bigirimana” wanganije (0-0) n’umurwi wa POLISI (0-0)abo basore bose barabonetse mu kibuga muri 11 batanguye mur’urwo rukino.

🇹🇿Mur’ico gihugu nyene,umurwi wa KMC ukinamwo abakinyi bakomoka hano mu gihugu cacu(Nahimana Jonnathan,Mvuyekure Emmanuel Manu,Ndikumana Selemani) watsinze ibitsindo (2-0)umurwi wa MBAO FC umukinyi Jonathan Nahimana niwe yabonetse murwo rukino . Umukinyi Selemani ari mukaruhuko i Bujumbura.

🇺🇬Uganda umurwi wa “MBARARA City” ukinamwo umukinyi “Pistis ntiwakinye mu mpera y’indwi dusozereye

🇺🇬 murico gihugu nyene umurwi wa VIPERS ukinamwo umunyezamu Fabien Wanganije numurwi wa WAKISO (0-0) Fabien yakinye urukino rwose

🇪🇬 Égypte umurwi wa ENPPI ukinamwo Fiston uzokina igenekerezo kumusi wagatatu igenekerezo 11/3/2020 n’umurwi wa PYRAMIDS

🇱🇺Hollande umurwi wa Heracles 2 ukinamwo umusatirizi Mohamed Amissi uzokina ejo igenekerezo 10/3/2020 n’umurwi wa NEC

🇹🇷Turquia, umurwi wa MALATYASPOR ukinamwo umukinyi “Ndayishimiye Yussuf Nyange uzokina kumusi wagatatu 11/3/2020 n’umurwi wa Trabzonspor

🇹🇳Muri Tunisie Abakinyi ba Barundi bakinayo (Shaka Bienvenue na Tity Mavugo) imirwi bakinamwo izokina ejo igenekerezo rya 10/3/2020

What's your reaction?

Related Posts

1 of 891