Entertainmenthomepagekirundimusicmuzik na wasani

Mista Champagne yahaye ubutumwa abarundi bwo kuzirikana ngo batokwiyibagiza

Kuri uyu wa 9 Ntwarante 2020 niho umuririmvyi Mista Champagne yandika ubutumwa kumbuga ziwe agira ati iyi tariki muyishire ahadata kuko nzobibutsa.

Ni Mista Champagne ubona y’uko inyuma y’igihe atari kinini cane atanguye gutanga ubutumwa mu kubicisha mukwifata Amasanamu agatanga ubutumwa bugiye butandukanye canke ugutanga video zitwengeje cane vyamuviriyemwo kugira igikundiro mubantu na canecane abitwa aba Diaspora nukuvuga abarundi canke aba nye Congo baba hiyo mubihugu vyo hanze y’Uburundi ndetse na Congo.
Urabona neza ko uwo muririmvyi bimaze kumuduza ndetse bikamushikana kurundi rugero kuko ubona ko n’urubuga rwiwe rwa YouTube rusigaye rukurikiranwa cane bitandukanye no mu myaka yahera.

Akoresheje ururimi rw’Igiswahiri yanditse agira ati :

“Munipe mwaka mmoja tu, ntakuwa musani wa kwanza Burundi nzima kupiga Concerts za nje na festival kubwa za nje Ulaya na Africa, narudia tena nawapa mwaka mmoja tu, leo le 09/mars muweke iyi date mukichwa kisha ntawakumbushaka”

Aho haciye haba ikibazo kigira kiti: “MBEGA N’IGIKI COBA CATEYE MISTA CHAMPAGNE KUVUGA AYO MAJAMBO?”

Tukarangiza tubibutsa ko aheruka gushira ahabona amashusho y’indirimbo yiwe yise Futa Namba akamenyesha ko vuba niyo yise CHECHEBELE REMIX igiye gusohoka aho yayikoranye n’umuririmvyi Sat-B.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769