BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Sat-B ngo si amahigwe aba ahawe kuririmbira hamwe n’abashitsi

Sat-B ngo si amahigwe yahawe kugira abashe kuririmba kuri Stage imwe na Harmonize, ahubwo ngo nuko yakoze neza nico gituma yari ahahagaze.

“Si amahigwe ni akazi k’umuntu kamugeza ahantu. Aha kuba ndahahagaze n’akazi kanje karimwo inzitizi nyinshi, ariko Imana igakomeza kumpa, Yaaah.”

Nayo ku kibazo c’amafaranga abo baririmvyi b’abanyamahanga bahembwa, Papa Burundi avuga ko bayakwiye kubera ari abantu bakoze cane, kandi ngo abo babashije gukorana ubwa mbere ngo babashizemwo amafaranga menshi cane.

Sat-B akaba ariko we afise icizere cane ko igihe kizogera nabo bakabasha guhembwa neza, ariko we ngo naho bitobashikira bobo ariko ngo basi bizoshikira abana babo.

Ivyo bikaba vyukuri bitangaje uburyo yabishikirijemwo kuko asanzwe azwi mu baririmvyi basanzwe bavugira hejuru ko abaririmvyi ndundi batarihwa neza mu biteramo, kuko badashirwa ku rugezo rumwe n’abanyamahanga baba bazanywe mu biteramo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775