BurundiEntertainmenthomepagekirundimusicmuzik na wasani

Ubuzima bugoye cane umuririmvyi Dj Pro yabayemwo mu muziki

Ko hoba hari agahinda n’umubabaro yamye anyegeza kuva kera kuko yagerageza kwerekana ko anezerewe ariko yubakiye kunguma z’umubabaro ; niyo majambo umuririmvyi Dj Pro yazindutse ashikiriza kuri uyu wa kane igenekerezo rya 05 Ntwarante uyu mwaka turimwo wa 2020.

Aho yashobora kwandika ayo majambo yatumye benshi biyumvira ugutandukanye we yagize ati:

“Ubuzima bw’umuziki nabutanguye nkiri muto,
naritanze gose ndonka akaryo ko gufatwa mu mugongo n’incuti, bo bampaye umwanya, bakoze kugira menyekane.

Naramenyanye n’abantu benshi batandukanye, ndabona beza na babi, nabaye mwiza kuri bo.

Ariko ntiwomenya k’umutima wanje umubabaro nari mfise, umubabaro mwinshi utobona iyo utari mu mutima wanje.

yes numva umubabaro
ego numva umubabaro
yes i feel pain”

Mwomenya ko ayo majambo ayavuze aho yaheruka gushikiriza ko agiye gushira kumugaragaro urukurikirane (EP) rw’indirimbo zishika kuri zine aho yaruhaye izina rya FEEL PAIN.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775