Entertainmenthomepagekirundimusicmuzik na wasani

Ng’izi ingorane zituma umunyamahanga n’ubwo yomara imisi mu Burundi atamenya umuziki w’Uburundi

Igihe kinini kiraheze atampinduka ariko vyama vyavuzwe cane ko hakenewe gukunda ivyacu tukabikundisha abandi ariko hakabaho ikibazo ati: “Mbega ni gute wokundisha umuntu ivyo nawe udakunda?”

Amwe mu majambo adahesha icubahiro niyo akunda gukoreshwa iyo bari mu mpari bakama bari mundyane zitagira ifatiro ariko kenshi ugasanga muri vyinshi vyavuzwe harimwo ukuri muga hakabaho ukwiyumvira guke no guhana ivyiyumviro kugira barabire hamwe icoteza imbere umuziki wacu.

Mbega koko we wokundisha umunyamahanga umuziki w’Uburundi gute?

Aho umwe mu ba Dj ndetse akaba n’umumenyeshamakuru wo mugihugu ca Tanzaniya yari mugisagara ca Bujumbura hari amwe mumajambo yashoboye kuvuga kandi akomeye ariko nubu umenga ntacavuzwe ntanigikwiye gukorwa. Afashe ijambo yagize ati:

“Bamwe baribaza bati kuki umuziki wa Tanzaniya uvuzwa cane ariko muri Tanzaniya batavuza umuziki w’Uburundi? Kwanza ico nabonye mumisi mike maze ngaha nuko abarundi bonyene ubwabo aribo batuma uwu muziki w’Uburundi udater’imbere kuko mugusohoka imbibe nuko vyose bihera kwanza muhira maze bikitwa mpuzamakungu ariko kuva ndi mu muduga gushika muri Hotel aho nashikiye nguma numva bacishako indirimbo za Diamond, Jux na ba Darassa nukuvuga aho jewe ntatandukaniro rihari no kuba nicaye i Tanzaniya kukaba nkako abantu bakwiye kumenya ko umuntu akunda ico yumva cane. Nmba jewe nanje nkaba maze kwumva indirimbo zibiri ariko nkaguma numva Bongo Fleva nguma nikundira zimwe numva cane, rero n’umwanya w’abarundi gukunda ivyabo bakabikundisha n’abandi kugira ngo n’Ingenzi zumve ko hari umuziki mwiza”.

Ndasubiyemwo mu BURUNDI HARI UMUZIKI MWIZA KANDI URYOSHE ARIKO GUKUNDA IVYO MUHIRA NICO GIKURU.

Aho mwomenya ko benshi mu baririmvyi bamaze kuza hano iwacu bava mu gihugu ca Tanzaniya basubira inyuma barata ko umuziki wabo uvuzwa cane mu gihugu c’Uburundi bikaba bimwe mubintu bibabaza bamwe mubakunda cane umuziki wa hano iwacu. Ariko tukibagira ko vyose bigomba kuva muri twebwe aho naho hakaba k’umukunzi w’umuziki (Fan), umumenyeshamakuru, DJs, ndetse n’abategura ibiteramo tudasize inyuma abagwizatunga.

Mbega koko: UMUZIKI WA TANZANIYA UFISE IKIBANZA KININI HANO MUGIHUGU IWACU???
NIMBA ARIKO BIMEZE HOKORWA IKI KUGIRA MUBURUNDI HAHABWE AGACIRO ABARIRIMVYI NDUNDI?

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769