africa newshomepagekirundikirundi_Sports

Breaking news : Abakinyi 8 ba Guinée baraye bahitanwe n’isanganya

Hari ku musi wa kane igenekerezo rya 05 Ntwarante 2020, aho umugwi wa Etoile de Guinée y’umukinyi wa kera wa Guinea Conakry Pascal Feinduno yigeze gukora amateka adasanzwe muri ico gihugu yagira isanganya.

Iryo sanganya abo bakinyi bakaba barikoze igihe bari mu nzira berekeza i Kankan gukina urukino rw’umusi wa mbere w’ihiganwa ryo mu cicaro ca kabiri n’umugwi wa Karifamoryah Fc muri 27 bari muri iyo bus abashika kuri 8 bitavye Imana muri 19 bari basigaye 17 barakomeretse bimwe bikomeye baciye babatwara mu bitaro biri hafi y’igisagara ca Mamou kugira abanganga bashobora kubavura.

Isanganya rikaba ryabereye mu gisagara ca Mamou ku birometero 250 uvuye ku murwa mukuru w’ico gihugu Conakry.

Amakuru dukesha BBC ngo n’uko iryo sanganya ryoba ryatewe n’umuvuko urenze iyo bus yagirako ihava icika amafire.

Hampande yo gupfa abashika kuri 8 abandi 17 harimwo abakinyi , abarongozi n’abamenyereza bakomeretse bimwe bikomeye baca batwarwa mu bitaro biri hafi y’igisagara ca Mamou kugira bavugwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871