Entertainmenthomepagekirundimusicmuzik na wasanipromoted

Belle9ice : Inyishu ku bibaza ko yoba yaragerageje gukorora imbanyi yibungeze ya Sat-B

Umuririmvyikazi INGABIRE Belle Nice asanzwe azwi cane kwizina ry’ubusitari nka Belle9ice bisanzwe bizwi neza ko asohokana mu rukundo n’umuririmvyi akaba na kizigenza CEO wa Label ya Empire Avenue ariwe Sat-B nawe nyene ubwiwe asanzwe arimwo, haraheze igihe yibungeze imbanyi bizwi neza ko ari iya Sat-B.

Inyuma y’igihe kinini atariko araboneka mur’ibi canke biriya haba kumasamirizi ndetse n’imboneshakure yasubiye kuboneka aho yagiriyeko atanga umuco kuvyagiye biravugwa muri aba canke bariya kumpande zitandukanye.

Ni Belle9ice yishura ikibazo c’uko yiyumvise aho hakuzwa inkuru zuko yoba yaragerageje gukorora imbanyi yibungeze bikanka yishuye agira ati :

“Ntaco vyigeze bintwara na gato kuko kumbuga ngurukanabumenyi hacako vyinshi yaba ivy’abakwanka, abagutuka, abagusuzugura bakuvuga uko bishakiye nico gituma atampamvu n’imwe yo gushavura canke ngo nerekano inyifato itariyo mukwishurana ariko na none sinigeze ndanavyiyumvira kuko mfise inda y’umuntu nkunda kandi nubaha akankunda akanyubaha muri make nibungenze inda y’uwo dukundana cane nta mpamvu nimwe yotuma niyumvira gukorora imbanyi nibungenze.”

Aho yabandanya agira ati :

“Umuvyeyi wanje yaranezerewe kuko wanashima yarabimbwiye mu kunshigikira kanatsinda ko ari uwo twahisemwo gukundana, umuhungu murugo bari basanzwe bazi ko atari uwaje kugira ngo akinishe ubuzima bwanje, nico gituma batigeze babifata nabi ahubwo bishimye ndetse barananshigikira.

Aho mwomenya ko ivyo bibaye mu gihe habonetse ko umwanya n’umwanya hashobora gusohoka igikorwa gihuza abo bompi babiri ari Belle9ice ndetse n’umukunzi wiwe Sat-B.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769