bp-members-invitationHandballhomepagekirundikirundi_Sports

Handball :Golden team yahinduye izina

Inyuma yaho umurwi Golden team utahukaniye igikombe ku rwego rw’igihugu mu rukino rwa Handball utsinze Muzinga mu rukino rwa nyuma kw’igenekerezo rya 2 Ruhuhuma 2020,uyo murwi wahavuye uhindura izina.

Rukinzo handball niryo zina rishasha uwo murwi uzoserukira igihugu mu mahiganwa mpuzamakungu ugiye kwitwa mbere uyo murwi wahora muba civil ubu ugiye kwegukira igipolisi c’Uburundi .

Abakurikiranira hafi uwo murwi wahora witwa Golden team ubu witwa Rukinzo Handball bamenyesha ko abakinyi bagiye kuhatorera akoyoko kuko ivyo kwiyunguruza no kwivuna umusase inyuma y’imyimenyerezo bizoborohera bikazotuma bafatwa neza gusumba uko vyahora.

Mwomenya ko uyo murwi Rukinzo(uwahoze ari Golden team ) uzotana mu mitwe na Muzinga igenekerezo rya 14 Ntwarante 2020 ku kibuga c’ubushikiranganji bw’inkino.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 872