Entertainmenthomepagekirundimusicmuzik na wasani

Lolilo intambwe kuyindi agenda ashitsa ivyo yemeye

Hagaragaye imwe mu masanamu yerekana neza ko ivyo umuririmvyi Lolilo yemereye Abarundi ariko agenda abishitsa intambwe kuyindi

Inyuma yo gushira ahabona abaririmvyi agiye gukorana nabo akanashira kumugaragaro amazina nuko bazokurikirana mugusohora izo ndirimbo, ni Lolilo habonetse isanamu ari kumwe n’umuririmvyi rurangiranwa mugihugu c’Uburundi Umwe mubaririmvyi hagiye haravugwa ko hadatekwa ngo bishe hagati yabo nawe akaba ari Big Fizzo.

Mumyaka yahaciye hari hazwi incuti zibiri mumuziki wa hano iwacu zitavana zari incuti magara nkuko vyaboneka aha nahariya ariko munyuma hakaza kwumvikana ndetse no kuboneka umubano utasa neza na gato ndetse hakaba no kugenda barishurana mu ndirimbo mukugira ngo urya yashatse kuvuga jewe uwundi ati urya yavuze jewe.

Kuri uyu wa 12 Ntwarante 2020 habonetse ishusho igaragaza umuririmvyi Lolilo arikumwe na Big Fizzo basa n’abariko baratunganya igikorwa co gukorana Collabo nkuko Lolilo asanzwe yari yaravuze ati:
Ndafise Collabo nyinshi ariko hazotangura Fizzo, Sat-B hama B Face n’abandi benshi ibikorwa bazobibona

Mwomenya ko ari Lolilo abandanya gukora neza bitandukanye no mumyaka itatu iheze ubona ko Lolilo yari yarasubiye inyuma cane nkuko vyagiye biravugwa n’Abakunzi b’umuziki wa hano iwacu +257🇧🇮

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769