Healthhomepagekirundi

Uwobaye uwa mbere yinjije Corona-Virus i Bujumbura, yagumijwe i Kigali

Umuntu yobaye uwa mbere yinjije umugera w’ingwara ya Covid 19 mu Burundi, yafatiwe i Kigali ku kibuga c’indege ca Kanombe.

Nk’uko itangazo ryashikirijwe n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu i Kigali ribimenyesha, ngo umugabo w’imyaka 35 yapimwe ageze ku kibuga c’indege ca Kigali, aho yari uwurengana, noneho bamusangamwo uwo mugera. Bamupimye kuko yarafise ibimenyetso vy’iyo ngwara iterwa n’umugera wa Corona-Virus.

Uwo mugabo akaba abaye uwa 8 abonetseko iyo ngwara mu gihugu c’Urwanda, aho ni mu gihe muri Tanzania bamaze kubona 1, muri Kenya naho hamaze kumenyekana 1, muri Congo iharanira intwaro rusangi naho ni 3, nayo Uburundi n’ubugande bakaba ata numwe barahabona.

Uwo mugera wa Corona ukaba umaze gufata abantu barenga 198, 166 kw’isi, muribo 7,965 baramaze kwitaba Imana, 81727 bakaba barakize. Muri abo bagwaye 101,454 bakaba bagwaye bisanzwe, ariko 7020 bo bakaba bari mu bihe bitoroshe.

Ivyo biruko mu gihe imigwi y’abahinga itandukanye ibandanya kurondeza umuti canke urucanco rw’iyo ngwara. Muri Amerika bakaba bamenyesheje ko batanguye kugerageza ku bantu urucanco rw’iyo ngwara, ariko ngo naho vyogenda neza bagasanga rurakora, ngo bizosaba igihe kugira bemeze ko rushobora gushirwa kw’isoko urwo rucanco.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755