homepagekirundikirundi_Sportsprimus ligue

Yaoundé yasavye y’uko abakinyi boza barareka kuvuna Saido Ntibazonkiza


Kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 24 Ntwarante 2020, umuyobozi mu bijanye n’Ubuhinga mu mugwi wa Vital’o Fc Kanyenkore Jean Gilbert Yaoundé yari yatumiwe mu kiganiro B sports gica kuri Buja FM isaha 10h00 zo mu gatondo .

Muri ico kiganiro Yaoundé yariko arakora yavuze ibitari bike biri mu mugwi wa Vital’o aranasaba y’uko abakinyi bakina mw’ihiganwa rya Primus league boza barareka kuvuna kizigenza w’umugwi wa Vital’o Saido Ntibazonkiza.

Akaba yagize ati” Biragaragara rwose ko ata rukino na rumwe avamwo ari muzima bahora bamuvuma imisi yose sinzi impanuro babaha yo kumu elimina, ni bakine umupira bamubuze kurengana gusa “.

Mukamenya y’uko Saido Ntibazonkiza yakomerekeye i Makamba igenekerezo rya 08 Ntwarante muri uyu mwaka wa 2020, igihe umugwi wa Aigle Noir wari wakiriye umugwi wa Vital’o Fc kuva ico gihe uyo kizigenza w’Umugwi wa Vital’o Fc Ntarahongoza ikirenga mukibuga .

Bikavugwa y’uko yitezwe gusubira mu kibuga mu rukino rw’igikombe citiriwe Umukuru w’igihugu ruzobahuza na Musongati ku musi w’Imana uza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 874