Entertainmenthomepagekirundimusicmuzik na wasani

B-Face ntiyasigaye inyuma mukugira icavuze ku majambo ari mu ndirimbo ya Sat-B

Indirimbo y’Umuririmvyi Sat-B yise IZINA n’imwe mu ndirimbo yateye uruhagarara bivuye ku majambo ari mur’iyo, amajambo yatumye benshi bagira ico bavuze binatuma hariho n’abipfuza ko iyo ndirimbo yohava ifutwa akayikora gushasha aho twovuga nk’umuririmvyi Snow Kay ari kumwe na mugenziwe Khadafi.

Ariko naho bimeze uko B-Face yanditse amajambo ariko amajambo ubona ko atabwiye Sat-B gusa ahubwo yabwiriyemwo n’abandi basanzwe bakora umudiho wa RAP

B-Face aho yanditse yagize ati:

“Bamwe bubaka amazi abandi bakubaka amazina 😂😂 Sat-B ngwino nkwereke ahantu watwifatiye. Jewe nabo twiganye Histoire ntaho twize ko Mwezi Gisabo ariwe yagwaniye imbibe z igihugu urets ko twize ko ari Ntare Rugamba. Arko naho karimwo udukosa kararyoshe 👌🏻😂ikindi naco umudiho wa Rap wawutanguj 2017 ba 19th, Overdo team, pim, n abandi bawutanguye mur 2013 kuduga ninde yayitanguy imbere y uwundi?? Rero Kunyagira ibijanye na rap uririmba R&B ni nko kuyagira Imana inkuru za Yesu 😂😂
N. B: kwa hii competition ya hip hop Bdi nzima mshindi ni mimi wengine wote asante kwa kushiriki✌🏻 #rapyudah ina di place 🎤”

Aho ni mugihe umuririmvyi B-Face On The Flow aheruka gukora indirimbo yise Best Rapper in Kenya munyuma yo kwumvisha abasanzwe bakora uwo mudiho wa RAP ko ariwe mwami mu Burundi ndetse no mu Rwanda.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769