Entertainmenthomepagekirundimusicmuzik na wasani

Kidum, Bernice the Bell na Andy Mwag baraza guteramisha abantu biciye ku mbuga ngurukanabumenyi

Mu gihe Corona-virus isinzikaje isi, igatuma ibihugu bitandukanye bisaba abenegihugu kuguma biyugaranye ata gusohoka, ibiteramo, ama Karaoke, canke amahuriro atandukanye agahagarikwa mu bihugu birimwo Urwanda na Kenya, Uburundi bufise abasanzwe bakora uwo mwuga, bamwe muribo bahisemwo kubikorera ku mbuga ngurukanabumenyi.

Andy Mwang abarizwa mu gihugu kibanyi c’Urwanda yasavye abakunzi b’umuziki wiwe kuguma hafi y’uduhamagazo twabo kugira uno musi wa gatandatu aze kubateramisha abicishije ku rubuga rwiwe rwa Instagram.

Kidum mu gihugu ca Kenya nawe uno musi wa gatandatu araza guteramisha abakunzi b’ibikorwa vyiwe akoresheje imbuga ngurukanabumenyi. Hampande y’izo mbuga, uwo muririmvyi yahavuye akoresha urubuga rwa Facebook aho avuga n’insamirizi Mlele Fm yo mu gihugu ca Kenya nayo iza gucishaho iyo Karaoke aza gukora.

Hano iwacu naho ntibasizwe n’ico gikorwa kuko umuririmvyikazi Bernice the Bell nawe aza kuririmbira abakunzi b’ibikorwa vyiwe abicishije ku buhinga ngurukanabumenyi. Muri ico gikorwa akaba ashigikiwe na VAB hamwe na Yaga.

Muri Video yashizwe ahabona na Yaga, bamenyesheje ko ico gikorwa bagikoze mu ntumbero yo gushigikira abarundi bari mu mahanga muri kino gihe bugaraniwe mu mazu yabo.

Ivyo bikaba bitari bisanzwe bimenyerewe hano iwacu canke mu baririmvyi ndundi, ariko bikaba bije kuboneka muri kino gihe ahatari hake kw’isi bahagaritse ibijanye n’ibikorwa vyo kuryoherwa nk’ama Karaoke canke ama Concert.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769