Entertainmenthomepagekirundimusicmuzik na wasani

19th yishuye abavuze ko B-Face yoba yaravuzwe mu ndirimbo Hip Hop

Inyuma y’igihe kinini atariko arumvikana mu muziki ni 19th yagarutse asubira kwumvikana mu gikorwa nka ’ikiri ku mutima’ Challenge ariko hakaza kuboneka ukudahuriza kukintu kimwe na mugenziwe B-Face kuko we yakoze ikira kumutima gihinyuza izagiye zirakorwa n’abandi ba Rappers aho yakoze iyitwa Ibiri kumutima 5
19th abicishije mukiganiro Indundi Hits Show yishuye kuri amwe mumajambo yagiye aravugwa ko yoba yararirimvye umuririmvyi B-Face mundirimbo yiwe yise Hip Hop ariko akavura ati:

“Mundirimbo yanje ntamuntu n’umwe naririmvye ngo ndomeko urutoke ariko nashatse kwibutsa Abaririmvyi cane cane muri RAP biyita abami ko IBWAMI hatigera haba abami babiri nimba umwe yiyita King uyundi akagira uko nyene akiyita umwami biraza kugorana kuko uza gusanga bose bitwa abani. Ariko kubantu biyumvira ko muri iyo Song nariko mvuga B-Face, siwe naringamije ariko nawe urumva ko nawe arimwo kuko ari mubantu biyita abami mbona ataco bimaze ariko wewe ngo ni mu Burundi no mu Rwanda ubuho agira aje no muri Kenya😂😂😂. Mugabo simpari mukugira ngo nce urubanza niyaba abona ko promotion yiwe ihagaze kuri birya aririmba ni sawa niyibandanirize.‘’

19th akagira ngo ‘kuri challenge naho birya n’ivyakera ariko, kuba B-Face yaravuze amajambo hama nkamwishura mumasaha 24 akitwaza ngo nibabanze babe cumi ahanje navyise nko gutinya ameze nk’umusoda aja kurugamba yiteze gutera atiteze gusubizwa’.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769