Entertainmenthomepagekirundimusicmuzik na wasani

Ng’iki ikintu umuririmvyi Bwana on’ka yipfuza gushikako muri Rap yo mu Burundi.

Bwana on’ka kubwiwe ngo ntagusubira inyuma muri uno mwaka akaba agiye gushira ahabona indirimbo yiwe ya mbere mu misi.

Bwana on’ka umuririmvyi akiri munshasha azwi ku mazina nka NDUWAYO Eric izina yahawe nabavyeyi izina avugako abenshi batarimenya haba ahasazwe aba ngo ugiye urivuga ntiwomuronka  muri karitiye  ariko uvuze Bwana on’ka womutora bitarinze kukugora.

Uwo muririmvyi akaba yatanguye kwinjira muri Studio muri 2010 ariko atari bwatangure neza akazi kiwe ko gukora umuziki akaba yinjiye neza na neza muri uno mwanka w’2020 mu ndirimbo yari yahuje aba Rappeur batatu ururirimbo bise Niho Twakuriye uwo muririmvyi akaba ariko arabategurira indirimbo yiwe wenyene akaba avuga ko mu misi irimbere nk’ikiringo c’indwi yose ishobora gusohoka.

Bwana on’ka akaba afise indoto y’ukuzokora Rap ikamushitsa kure cane kuko ubwiwe uvuze umuziki abona Rap akabayipfuza kuzoyikora gushika aho uwuvuze Bwana on’ka babona inyungu y’igihugu kuri Rap canke ihinguriro ry’ubatswe kubwiryo zina.

Mwomenyako izina ry’indirimbo atarabasha kurivuga ariko iyo ndirimbo ikaba yakorewe muri studio M.A kwa Amir Pro, iyi ndirimbo ikazosohoka inyuma yuko yaheruka kumvikana mu ndirimbo Niho Twakuriye aho yarikumwe n’abaririmvyi bakora uwo mundiho wa Rap nka DING DUNG – NIHO TWAKURIYE ( VIDEO KAMIKAZE NATION hamwe n’umuhinyanyuzi akaba n’umuririmvyi KOLLY DA MAGIC.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769