footballhomepagekirundikirundi_Sportsprimus ligue

Jimmy Ndayizeye ngo inkino zose zisigaye bazozifata nka Final

Igihe umugwi wa Vital’o Fc wari uhejeje kunganya na Messager Ngozi 0-0 i Bujumbura ku kibuga c’intwari , umumenyereza wa Messager Ngozi Jimmy Ndayizeye yishuye ibibazo bitandukanye vy’abanditsi n’abamenyeshamakuru.

Ari kuri micro ya Indundi Sports, Jimmy Ndayizeye ubwa mbere na mbere yashimye kubona aronse inota rimwe hanze kandi yariko arakina n’umugwi utoroshe ufise abakinyi bafise Experience.

Akaba yagize ati : “sinovuga y’uko ndavyakiriye nabi cane iyo twari gushobora gutsinda tukaronka amanota atatu vyari vyiza ariko ni ugushima n’iri nota turonse hanze kandi twariko dukina n’umugwi utoroshe ufise abakinyi bafise experience igikuru ni ugushima inota rimwe kubona tudatsinzwe tugashobora kuguma turi mu kibanza ca mbere “.

Abajijwe ikintu yibaza y’uko yabuze , Jimmy Ndayizeye akaba yishuye ati : “novuga y’uko habuze amahirwe kuko twakinye neza turashika kw’igori novuga y’uko arayo mahirwe ariko mu mupira ni ukubishima uko nyene hariho gutsinda, kunganya canke gutsindwa nivyo bintu bikuru kubona turonse inota rimwe ngaha ni ugushima iryo nota rimwe ni kuguma turi tayari kuri Match zikurikira tuzorabe y’uko dushobora kuvyifatamwo neza.

Jimmy Ndayizeye akaba yarangije avuga y’uko bagifise icizere co gutwara igikombe naho batatsinze urwo rukino, arangiza avuga y’uko inkino zose zitatu zisigaye bazozifata nka Finale kugira bashike kuvyo bipfuza muri uno mwaka .

Mukamenya y’uko Messager Ngozi ariyo ikiri mu kibanza ca mbere n’amanota 55 igakurikirwa na Musongati Fc ufise amanota 51 n’urukino rumwe rw’ikirarane.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 891