BurundiEntertainmenthomepagekirundimusicmuzik na wasani

Bidondo yavuze impamvu yari gufasha Lolilo gusa

Bidondo ngo iyaja kuba umumenyeshamakuru ngo nta wundi muririmvyi yari gushira imbere atari Lolilo, ivyo akaba aheruka kubiyagira imboneshakure ya hano iwacu.

Mu kiyago na Buja Hit, Bidondo yamenyesheje ko umuririmvyi yari gushira imbere mu kumumenyekanisha iyo aza kuronka amahirwe yo kuba umumenyeshamakuru, ngo yari kuba Lolilo gusa.

Abajijwe impamvu, Bidondo yamenyesheje ko ari kubera afise imigenzo(Caractères) akunda. Izo nazo ngo n’ukwiyegereza abaririmvyi bagenziwe cane cane abanyamahanga, noneho akarondera ko bakorana.

Muri ico kiyago nyene yamenyesheje ko we muvyo akunda ku muntu ngo ari umuntu yituma ikintu, kandi akagishikako.

Kubw’ivyo rero, Bidondo avuga ko kurondera ubucuti n’ababa baje ngaha ari vyiza kugira umuziki ndundi ubashe gutera imbere, we akabona ko ari nka hamwe aronse akanya agakorana indirimbo n’abaririmvyi bakomakomeye nk’abanya Nigeria ngo vyoca bituma umuziki ndundi ukomeza gutera imbere.

Mukibuka ko uwo muririmvyi ari mu baririmvyi ba kera, kandi bakunzwe cane kubera umuce w’indirimbo yakora. Bidondo akaba yakora indirimbo zifise amasanamu atwenzwa, bivanye n’ivyo bakinamwo canke uburyo yambara murizo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775