footballhomepageInkinokirundikirundi_Sports

Tchabalala ngo Musongati niyo abona izotwara ibikombe


Umukinyi w’umusatirizi w’intamba mu rugamba Hussein Shabani Tchabalala akinira umugwi wa Bugesera Fc abona y’uko Umugwi wa Musongati Fc ariwe ukwiriye gutwara igikombe ca Primus league kuko ngo niwo mugwi wamushimishije .

Akaba yishuye ati ” nari nipfuza umugwi wanje wa Vital’o Fc ariwo utwara igikombe ca Primus league co muri uno mwak ariko ntiyakunze rero Umugwi wundi mbona wotwara igikombe ca Primus league ni Musongati kuko urugero rw’uwo mugwi rwaranshimishije ”

Abajijwe umugwi yipfuza y’uko wotwara igikombe c’Umukuru w’igihugu mu migwi 4 isigaye gukina igice ca kabiri gishira icanyuma yipfurije kandi Musongati Fc gutwara ico gikombe.

Mukamenya y’uko Hussein Tchabalala amaze amezi ari ngaha mu gihugu bivanye n’uko ihiganwa ryo mu Rwanda ryahagaritswe vy’agateganyo bitewe n’ikiza ca Coronavirus

What's your reaction?

Related Posts

1 of 890