BurundiAkes DonEntertainmenthomepagekirundimusicPassport

300,000 Masterland azoha uwa 1 bizorya uwukoze

Hampande y’ukurabwa n’abatari bake ku rubuga rwiwe rwa Youtube, indirimbo Nzobikora yakorewe Challenges yatumye imirwi itari mike y’abatamvyi basidukana niyonka mu kuyitamba.

Ibihumbi 300 vyo mu kwezi kwa 1 ngo ntibironka uwariwe wese, ivyo n’ibiheruka gushikirizwa na bamwe mu bamenyeshamakuru mu biganiro bitandukanye bijanye n’umuziki bibera hano iwacu.

Abo bamenyeshamakuru bakaba bariko bavuga ivy’ihiganwa Masterland Muzik Group yatunganije aho batanze Challenges y’imtambo ku bazi gutamba, aho batamba indirimbo yiwe nshasha yise Nzobikora.

Uwa mbere akaba azohabwa 300,000 akorerwe Video y’iyo ndirimbo bariko baytamba, co kimwe n’utundi tuganuke dutandukanye. Ivyo bikaba vyatumye abatari bake baba baahano i bujumbura co kimwe no hagati mu gihugu bashima kwinjira muri iryo higanwa.

Mu mirwi itandukanye ku rubuga rwa facebook, haguma habonekamwo izo Video zitandukanye z’iyo ndirimbo ziva ku rubuga rwa Facebook rwa Masterland ubwiwe. Mu mategeko agenga iryo higanwa hakaba hemewe umurwi ufise abantu bari hagati ya 2 n’8 bariko baratamba.

Igice ca 4 gishira ica nyuma c’iryo higanwa kikaba citezwe kuri uyu wa mungu, aho kizobera kuri Resto Bar Fungus, iriko ifashanya nawe muri iryo higanwa. Aho hakazoba hari n’abaririmvyi batandukanye barimwo Masterland ubwiwe, Dr Claude na Franck G80.

Mwomenya ko ritari irya mbere uwo muririmvyi atunganya amahiganwa nkayo, kuko yigeze kuritanganya aho mu batahukanye udushimwe harimwo mushikiwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775