Entertainmenthomepagekirundimusic

Fortran Bigirimana ngo yatanguye kuririmba kuko ahamagawe n’umukama

Intandaro y’ukuja kuririmba kwa Fortran Bigirimana ngo s’uko yumvise abishaka, ariko ngo wari umuhamagaro yagize. Aho hari inyuma y’ukubura abavyeyi bose afise imyaka 10, noneho akihereza Imana yahavuye akorera mu nyuma.

Mu kiganiro yagiranye na Fait Divers, urubuga rusanzwe rucishako ibiganiro mu rurimi rw’igifaransa, yamenyesheje ko imbere yuko atangura vyukuri kuririmba ngo yaronse 2 kose akorera Imana mu buryo bukomeye cane, bituma atangura kwimenyereza kuvuza ibicurarangisho vy’Umuziki, ikintu kitari coroshe kuko abaryango bamubona nkako ashobora gusara.

Fortran ku myaka 13 atangura kuririmba, ari naco gihe yahura n’uwahavuye aba umugore wiwe, Ibihe ntivyabaye vyiza, kuko umuntu wese ari mu rugendo rwo gukwiza ubutumwa ngo yama mu bibazo, nkuko we nyene ubwiwe avyiyemerera, ariko ngo we yahisemwo kwizera uwamuhamagaye, kandi nawe ngo ntiyigeze amutenguha.

Bigirimana uno musi afise inkurikirane 3, zirimwo iz’ikirundi n’igifaransa mu ntumbero yo gushikana kure ubutumwa bw’Imana. Izo ndirimbo zikaba zavugijwe mu binyamakuru bikomakomeye mu Bufaransa, co kimwe no mu bihugu bikomakomeye bivuga ururimi rw’icongereza, ivyamuteye kwugururirwa imiryango agakora ibiteramo bikomakomeye hirya no hino ku migabane hafi yose igize isi. Muri izo ndirimbo, Fortran akaba atatamvye yirorera kuko amaze gukorana n’abaririmvyi batandukanye bazwi mu ndirimbo zihayagiza Imana.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769