BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Chris Biz ngo kudandaza vyamuhaye kubandanya umuziki ata manager

Chris Biz ngo kudandaza vyamutumye uno musi naho ata mu Manager afise abasha kubandanya umuziki kuko ashoboye gushika kuri ino saha kwirihira indirimbo, yaba Video canke Audio.

Mu kiganiro na Ami Pro, Chris avuga ko uno musi umuziki wiwe uhagaze neza cane, kuko ngo abandanya gukora kandi hari na gishasha kiri muri Studio ngo vuba cane kizosohoka. Cover yo ngo yararangiye arayifise, iyo ikaba yakozwe na Hakim.

Mu gihe bamwe bavuga ko bigoye gufatanya umuziki n’ukuririmba, Chris we abibona ugutandukanye nabo. Kuko ngo kurondera ikindi gikorwa ukora ku ruhande, ngo bifasha cane kugira umuntu abashe kubandanya yiyungunganya. Kuko ngo umuziki gushika ata bushobozi bunini ufise bwo kubatunga.

Ariko akemeza ko izina yaronse mu muziki ryamufashije kugira abashe kudandaza, kuko ngo yarikoresheje mu kugira abantu bamenye ibintu vyiza asanzwe afise.

Ku babaza naho ko kudandaza yabihaye ikibanza kinini gusumba umuziki ngo n’ububeshi kuko umwanya yamye aha umuziki ngo wamye ari wawundi nyene. Akavuga ko kuva kera yamye aha amezi ari hagati y’3 n’4, kugira abashe gusohora iyindi, ico kiringo rero ngo ntiyigeze agihindura.

Mwomenya ko uwo musore ava mu ntara ya Gitega, yigeze kuba ari mu mugwi umwe n’umuririmvyi Double jay abarizwa muri Bantu Bwoy.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775