BurundiEntertainmenthomepagekirundimusicUncategorized

Olga yabwiye Yambi igihe azosubirira I Burundi

Olga ngo umugambi afise n’uwo kugaruka mu Burundi aruko aje azanye ibikorwa bitari bike azoba amaze gukora, kandi bizoba vyifashe neza gusumba uko ubu biri. Ivyo akaba yabiyagiye ikinyamakuru Yambi gisanzwe gikorera mu gihugu kibanyi c’Urwanda.

Muri ico kiganiro casohotse uno musi, uwo muririmvyi yabwiye umumenyeshamakuru ko agarutse mu muziki atagisubira guhagarika, aho n’inyuma yaho ashiriye ahabona akaririmbo gashasha yise Show Me, ako avuga ko kariko kakirwa neza gusumba uko nawe yibaza.

Uwo muririmvyikazi avuga ko ako karirimbo kazokorerwa amasanamu nivyakunda, kuko ubu bidakunda bivuye kuko hari ikibazo ca Corona Virus. Yabajijwe igihe kari kamaze muri Studio yavuze ko ari amezi 2 yaramaze akarindiriye.

Mwomenya ko uwo mwigeme abarizwa i Kigali aho asanzwe akora ibikorwa vyo kuvuza umuziki mu tubare, mu manza co kimwe no mu biteramo baba batumiwemwo, Karaoke. Ubu be n’umugwi barikumwe bakaba baharurwa mu migwi ikunzwe gusumba iyindi i Kigali.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 799