BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Big Fizzo yerekanye igihe yaherukira gukora mu ntoke Nyakwigendera Pierre Nkurunziza

Akoresheje imbugahuriro asanzwe akoresha nka WhatsApp, Instagram na Facebook, Big Fizzo nawe yerekanye akababaro afise kubera ukubura giturumbuka umukuru w’igihugu Pierre Nkurunziza.

Big fizzo yashize kuri izo mbuga ishusho aho yabonetse aramukanya na Nyakwigendera. Ico gihe hakaba hari inyuma y’inyigisho zahawe urwaruka zo kubakundisha igihugu, zikaba zatangiwe kuri Lycée Nyakabiga.

Mu majambo yanditse, yamwipfurije kuruhuka amahoro, yongera avuga ko ari akababaro kenshi kandi ko ico gihe ca nyuma yaramukoze mu ntoke.

Mwokwibuka ko Nyakwigendera Pierre Nkurunziza agiye hari hasigaye imisi mikeya ngo ashikirize ubutegetsi uwaheruka gutorwa ngo azomukorere mu ngata. Akaba yari yafashe ubutegetsi mu mwaka wa 2005, akaba yitavye Imana yarafise imyaka 56 azize uguhagarara kw’umutima.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775