Burundifootballhomepagekirundikirundi_SportsUncategorized

Karim ati Umuhisi yarakoze ibishoboka ngo tuje mu nkino za CAN

Karim Maquinzi ngo Nyakwigendera Petero Nkurunziza yakoze vyinshi ariko kimwe co nuko yafashije ibitari bike kugira umugwi nserukiragihugu “Intamba mu rugamba” ugerageze kuja mw’ihiganwa CAN.

Mu kiyago yagiranye n’ikinyamakuru Mashariki TV, uwo mukinyi yahoze ari kizigenza w’umurwi nserukiragihugu Intamba mu rugamba, yavuze ko bahakwa kuja mu Nkino za CAN, Umuhisi Petero Nkurunziza ngo niwe yatwara Uburundi.

Ico gihe nkuko uwo mukinyi yabandanije abishikiriza, ngo inguvu ntizari Ku kibuga gusa, ariko hari hanakenewe amahera y’ibi na biriya, ubwo buryo rero ngo bwarabonetse.

Ico kiyago akaba yakigiranye n’ico kinyamakuru igihe bari barangije gushira umukono mu gitabo Livre d’or kiri mu ngoro Ntare Rushatsi, aho abanyecubahiro batari bake bariko baraca.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 918