Basketballhomepagekirundikirundi_Sports

Basketball : Urwaruka rwo mw’i Jabe rwateguye ihiganwa

Urwaruka ruhurikiye mw’ishirahamwe ry’imvukira za Zone Bwiza rwo muri quartier ya Jabe rwifadikanije n’ishirahamwe rya Basket mu gisagara ca Bujumbura ACBAB barateguye ihiganwa rigiye gutangura mu mpera zino ndwi rikazorangira kw’igenekerezo rya 28 Ruheshi 2020 ku kibuga bita département nkuko vyashikirijwe na Armel Hakizimana batazira Abdallah aserukira urwo rwaruka.

Mu ntumbero yo guhimbaza imyaka 7 babayeho, urwaruka ruvuka mw’i Jabe rwaratumiye imirwi yose yo muri ACBAB ariko hitavye imirwi 6 gusa akaba ari Gymkana, Mutanga United ,Muzinga, New stars ,les hyppos na Urunani.

Kw’igenekerezo rya 20 Ruheshi niho hazotanguzwa iryo higanwa rya basket ku kibuga ca département.
Ku wa gatandatu isaha umunani hazokina Mutanga United na Gymkhana.
Bukeye mu gatondo ku w’Imana naho isaha zitatu Urunani ruzohuza ubwayi na Muzinga hama isaha zitanu New stars yambikane na les hyppos .

Mwomenya ko imirwi y’abakenyezi uko ari itanu ititavye iryo higanwa mu gihe mu bagabo imirwi Kern na Dynamo nayo ititavye ubutumire kubera imvo zitandukanye.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 874