homepagekirundikirundi_SportsMiss EricaWorld NewsYvan muziki

Mbappe ati :”iyaba vyamvako mba narashitse muri Real Madrid”

Nka hamwe PSG imurekuye, Real Madrid ikamugura, kuri yoba ari amata avyaye amavuta.

Mbappe ati :”iyaba vyava kuri jewe mba narashitse muri real Madrid kuva kera”. Ivyo n’ivyashikirijwe n’uwo mukinyi nyene abibwira umwe mu basanzwe bakorera uwo murwi aho yari i madrid.

Amakuru dukesha ikinyamakuru L’express co mu bwongereza avuga ko uwo mukinyi naho yaciy mu myanya y’intoke uumurwi Real madrid mu mwaka wa 2013, ngo n’ubu aracafise mu maraso uwo murwi wo mu gihugu ca Espagne.

Mbappe asanzwe akinira umurwi wa PSG, ngo abavyeyi biwe boba batashatse ko umwana abava mu ntoke hakiri kare, kuko mu mwaka wa 2013 ngo we n’umuryango baratembereye muri Espagne, se anaganira n’abarongoye Real madrid, ariko ntiyashima kumurekura.

Naho atashatse ku murekura, uwo mukinyi ubu akaba ari muyabira kuko abaraba ibintu n’ibindi bavuga ko ariwe ashobora gukinjura muri uwo murwi, kuko udashobora kumugumana ngo bongere bagumane na Neymar naho we abandanya agira ibibazo buri kanya.

Mu gihe biri uko bimeze, amakuru avuga ko uwo mukinyi co kimwe na mugenziwe Neymar bariko barabwa ryiza n’imirwi ikomakomeye yo ku mugabane wa buraya. Ngo nka hamwe baramutse babashize kwi soko, ngo mu mwanya muto boca bagurwa.

Biruko mu gihe ico kinyamakuru kivuga ko ukwo gushaka cane kw’uwo musore kuja muri Real Madrid ngo yagushikirije uwo mukozi wa Real Madrid mu mwaka uheze aho baheruka be na PSG gukinira muri i Madrid.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871