East Africa NewsEntertainmenthomepagekirundimusic

Diamond yoba yamaze kuronka uwazosubiriza Tanasha

Inkuru iriko iravugwa cane aho hanze n’inkuru y’umwigeme yoba agiye gusubirira umuririmvyikazi Tanasha mu kibanza c’umukunzi wa Diamond Platnumz.

Nkuko makuru dukesha ibinyamakuru vyo muri kano karere abishikiriza, uwo mwigeme ngo yitwa Jihan, uyu akaba asanzwe akunzwe kandi amenyekanye cane muri Tanzania.

Uyu mwigeme nkuko amakuru dukesha SNS abandanya abishikiriza, ngo anakunze cane kwitabira ibiteramo bitegurwa na Wasafi.

Mu kiyago uwo mwigeme yagiranye na SNS yabajijwe ku bucuti buri hagati yiwe na Diamond, ubona ko asanzwe anavugwa cane ko ari n’incuti y’umuryango wa Diamond co kimwe n’abo muri Wasafi. Uwo mwigeme yishuye ko ko bazinanye ibisanzwe kuko basanzwe bose bakorero mu bintu bimwe.

Bongeye banamubaza nimba yohava yemera kuba mu rukundo na Diamond, ubona ko yaba we yaba Diamond bose ata mukunzi bagira. Ntiyahigimanze ko bishoboka ariko ko we vyomugora kuko atigeze agendana n’umuntu akunzwe nkawe, kandi urukundo rwiwe rutigera ruja ku mugaragaro.

Naho biruko ariko hari amakuru ava mu begereye Diamond avuga ko hoba hari ikiriko kirategurwa mu kwezi kw’8 hagati yiwe na Diamond. Ivyo bikaba vyunyuwe n’iyo nkuru nyene yashizwe muri Comment kw’ifoto yiwe yashize kuri Instagram, ishirwako n’umwe mu begereye Diamond basanzwe bamenya vyose.

Aha mukamenya ko uwo mwigeme Jihan asanzwe afise ubwenegihugu bwa Tanzania hamwe n’ubwa Liban kuko se ariyo akomoka. Ari nka hamwe bishitse akaba azoba asubiriye Tanasha akomoka muri Kenya akanagira ubwenegihugu bw’ubutariyano, uwo nawe yasubiriye Zarinah Hassan nawe akomoka muri Uganda. Ari imbere yaho akaba yaragendanye n’abigeme benshi bakunzwe muri Tanzania nka Hamissa, Wolper, Wema Sepetu n’abandi batandukanye.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769