BDUSAAlbinosDiasporaDiaspora Organizationsdiaspora promotedkirundi

#diaspora|BDUSA|Simeon Nkuzumwami yahisemwo kuba intwari haguhemukira imiryango

Igikorwa nyamukuru c’umunyabigega ngo n’ukwakira, kubika no gushingura, umutungu ndetse n’impapuro z’ishirahamwe ngo s’uguhungabanya ibikorwa vy’ishirahamwe.


Iryo ni rimwe mu majambo y’inkoramutima ryashikirijwe n’umunyabigega w’ishirahamwe BDUSA rihurikiyemwo abarundi baba ku mugabane wa Amarica Simeon Nkuzumwami, hari mu kiganiro umuco cama gishikirizwa buriko indwi itashe kuw’Imana mukagikurikirana kuri indundi radio ndetse no ku mbugangurukana bumenywe za BDUSA.
Simeon akaba yari umutumire w’Iteka muri ico kiganiro gishikirizwa na Marie Claire,akaba yariko arishura ku bibazo bijanye n’ingingo nshasha yo kwongereza agafanyo kahora gatangwa n’ishirahamwe BDUSA ku muryango uba wabuze uwayo kugira bamushingurane iteka.
Simeon Nkunzumwami akaba yaranashikirije urahara rwiwe mu gihe kigambaraye ishirahamwe BDUSA rihitiyemwo rwatumye ritarwa mu kangaratete.

Ntawobideha ibara ryari rigomba rirwe aho bamwe mu ndongozi z’iryo nshirahamwe bari bafashe intumbero yo gusambura no kuremera ibinyoma abaramutswa iryo nshirahamwe bakanabagiriza ku murango izuba ryaka gusesagura no kwihagira imitungo y’ishirahamwe ku gikenye.
Ntirwari urugamba rworoshe nkuko twagiye turabigarukako mu makuru yacu twigiye tubashitsako, ariko Simeon Nkunzumwami nubwo yari yashizwe ku rutonde rw’izo ndongozi zafashe inzira yogusambura, we yarariye umutima amenyo ahagarira inyungu z’umunywanyi.
Nkuzumwami amaze kubona ivyarerwa izo ndongozi , ico yakoze kwari ugusimbira mu kigaga araraba uko cifashe, abaza no mu ntara zose zikoreramwo iryo shirahamwe bamubwira ko ubutunzi ndetse n’umutungo w’abanywanyi wifashe neza ariko guca ahagaririra inyugu zabo.
Simeo abajijwe kuvyerekeranye n’ingaruka mbi izo ntureka zakweze muriryo shirahamwe, nyimba ata bihengeri bikomeye vyoba vyibonekeza.
Nkunzumwami yishuye yishimikije ijambo ry’ikirundi rivuga ku mwirimizi aho yagize ati:” Iyo umuntu arima, arakangaza agakuramwo ibitagira umumaro, ati no muri BDUSA bisa navyo vyabaye kuko ibice 95% vy’abanywanyi batigeze bakorwako nizo ntureka.”

Nkunzumwami akaba yanamenyesheje ko BDUSA ubu igeze mu ntara 50 zompi zigize umugabane wa America kandi muri zose ubutunzi bwifashe neza.

Mwomenya ko BDUSA ari rimwe mu mashirahamwe ahagaze neza muri Diaspora y’Uburundi kw’isi yose, kandi imaze no gushika hano mu gihugu cacu gufasha benewabo bahitiye mu biza vy’umyuzurire.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 473