BurundiEntertainmenthomepagekirundimusicUncategorized

B Face avuga ko Abaririmvyi ndundi bakunda, ikibuze ari ikibahuza

Abaririmvyi ndundi ngo barakunda, Ico n’igiheruka gushikirizwa na B Face mu kiganiro aheruka kugirana na Indundi Tv.

Muri ico kiganiro, uwo muririmvyi avuga ko ikibuze ari ikibahuza, ngo bikunde noneho urwo rukundo rubandanye rugwire gusumba. Aho agatanga karorero k’amaFestival ahuza abaririmvyi benshi asanzwe aba mu bindi bihugu aha Iwacu ataba, ari kimwe muvyotuma abaririmvyi barushaho kwiyumvanamwo.

Uwo mwanditsi wa Ndabe akaba yaboneyeho akaryo ko kuvunira akagohe amashirahamwe ngo akore nkuko mu bindi bihugu basanzwe bakora, kugira bikunde abaririmvyi bakomeze bahure.

Aha mukamenya ko abishikirije mu gihe havugwa ukutumvikana hagati y’Abaririmvyi, aho bamwe banabifatirako bavuga ko arico gituma umuziki ndundi udatera imbere.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 799