BurundiDiasporadiaspora musicEntertainmenthomepagekirundimusic

Ayo DJ Iraa yahawe na ITEL Rwanda yoba yayashize muri Restaurant,i Kigali?

Mu gihe abatari bake hano iwacu co kimwe no mu makungu bakoma akaruru ko ikiza Corona Virus cabatumye bahomba cane gose, abandi bo bari bagerageza kwiyungunganya.

Irakoze Divine benshi bazi nka Dj Iraa, umurundikazi akomoka mu ntara ya Gitega, ku mugwa mukuru wa Politique, asanzwe arangurira ibikorwa vyiwe mu gisagara ca Kigali, ngo ashobora kuba yuguruye inzu y’uburiro, Restaurant, hagati mu gisaga ca Kigali. Iyo nzu ikaba yahawe akazina ka Ziggy’s Joint Restaurant-Bar, izina rigomba gusa n’iryo yakunda kwitwa akibarizwa mu ntara yiwe y’amavukiro, Gitega, iryo naryo s’irindi ni ZIGIDI.

Ivyo bikaba biriko biba mu gihe abatari bake muri ico gisagara barira ayo kwarika kubera ico kiza catumye hafatwa ingingo zo guhagarika ububare, nayo uburiro nkubwo bwugurura umwanya muto kandi bukinjiramwo bake, kubera ibibanza vyagabanijwe.

Ariko naho bamwe mu Barundi babarizwa muri ico gisagara babandanya bamukeza, amakuru adushikira avuga ko iyo nzu y’uburiro ngo yoba itari iyiwe. Ahubwo ko mweneyo yoba ari umwe mu bantu basanzwe bari incuti nawe.

Aha mukamenya ko urubuga asanzwe akoresha rwa Instagram rukurikirwa n’abarenga 117,000 ataco arabasha gushirako kijanye n’iyo nzu y’uburiro, igishobora guca gishigikira abavuga ko ico gikorwa coba kitari rwiwe.

Ariko hampande yaho ukumenyekana kukaba guheruka kumuha amafaranga atari make kuko ari mu bariko bamenyekanisha inzu ihingura uduhamagazo, ITEL, mu Rwanda.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 779