East Africa NewsAkes DonEntertainmenthomepagekirundiMagic Soldier KingorongoromusicPassport

Inyuma y’ukurusimba, Ommy avuga ko ata mutima mubi afitiye Steve Nyerere

Ommy Dimpoz yababariye Steve Nyerere, amwizeza ko azi neza ko yanyereye ariko ko bifise ico vyamwigishije.

Inyuma y’ukuvuga ko Ommy Dimpoz yahora agwaye atagisubira kuririmba, Steve Nyerere yasavye ikigongwe uwo muririmvyi akoresheje urubuga rwiwe rwa Instagram.

Ommy akaba nawe atagumanye agahigihi aho avuga ko ata kibanza yabihaye, yongerako ko abizi neza ko yagize ico yiga biciye murivyo, ngo kuri we aracamwubaha cane.

Ivyo Ommy akaba yabishikirije mu gihe yararamutse anashimira abakunzi b’ibikorwa vyiwe kuri Views 1,000,000 indirimbo yiwe aheruka gusohora ashimira Imana yashikanye mu misi 4 gusa isohotse. Iyo ndirimbo ikaba isohotse mu gihe yaramaze igihe aguma abarwa kubera ikibazo yari yagize mu muhogo camutuma atabasha gukora akazi ka misi yose kiwe k’ukuririmba.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769